Jan
07
2016

Giharo : Abarundi bagiriza Abatanzaniya kubaturubika no kubasahura

Imigenderanire hagati y’abarundi baja kurima canke kurangura ibidandazwa baciye ku mipaka iri muri commune GIHARO y intara ya RUTANA ntiyifashe neza. Abarundi bagiriza Abatanzaniya kubaturubika no kubasahura, abo barundi bagasaba abategetsi bo kurwego rwo hejuru kubaha umwidegenvyo nkuko nabo bawuha abatanzania. Abajejwe intwaro basaba abo barongoye kurondera ivyangombwa iyo bagomvye kuja murico gihugu.

Nestor Ndayitwayeko

Langues: 
Genre journalistique: 

Partager