avr
27
2016

Rutana : inzara mu banyagihugu bo ku mitumba ya Kinzanza, Nyamabuye na Rukobe

Inzara ni nyishi mu banyagihugu bo ku mitumba ya Kinzanza, Nyamabuye hamwe na Rukobe muri komine Gitanga y'intara yu Rutana kubw'imvura ivanze umuyaga imaze imisi igwa yononye imirima yabo akaba ataco baronka bahereza umunwa.Basaba abagiraneza n'ababishoboye kubagarukirako kubw'iyo nzara bafise. Aroan Nduwabike, Musitanteri wa komine Gitanga avuga ko yamaze gutanga ivyegeranyo vy'ivyononekaye mwiyo mvura; kandi ko bituye n'amashirahamwe akorera muri iyo komine.

Nestor Ndayitwayeko 

Langues: 
Genre journalistique: 
Thématiques: 

Partager