aoû
24
2015

Abanyarwanda barabandanya gufatirwa mu Burundi

Ubu haharurwa abarenga 35 bafungiwe ahatandukanye harimwo no munzego z’iperereza. Bagirizwa guhungabanya umutekano w igihugu. Polisi y’u burundi yatubwiye ko nta munyarwanda n’umwe ifise mu mabohero y’igipolisi muri iki gihugu.
Gusa igipolisi c'iperereza ce,ereye Radio Isango Star ko hari abanyarwanda gifunze nticavuze igitigiri kuko ngo hari abashobora kubesha ku bwenegihugu bwabo.
Ministre w’ububanyi n’amahanga w’u Rwanda , madame Louise Mushikiwabo avuga ko biciye muri ambassade y’u Rwanda mu Burundi bari muri gahunda zo gusaba u Burundi kurekura aba banyarwanda.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru wa Radio Isango Star

Langues: 
Genre journalistique: 

Partager