mai
30
2015

Audifax Ndabitoreye, décide de porter plainte contre le Gouvernement Burundais au tribunal pénal international de La Haye

Audifax Ndabitoreye, l'un des candidats aux élections présidentielles de 2015 au Burundi, mais aussi président de l'association IMBONO Charisma,  décide de porter plainte contre le Gouvernement Burundais au tribunal pénal international de La Haye, en Hollande. Il accuse le Gouvernement, spécialement le Président Pierre Nkurunziza d’être à la tête  des violences à l’égard des manifestants contre son troisième mandat présidentiel, ayant enregistré plus de 25 manifestants morts.

En Kirundi, par Adeline Umutoni d'Isango Star, pour Infos Grands Lacs

Atarya umunwa, Audifax Ndabitoreye yavuze ko igituma ajanye ivyo birego ari uko abantu barenga 25 bamaze gupfa kandi imyiyerekano ikibandanya, bagomba gutabaza amakungu hakiri kare kugirango abantu ntibabandanye gupfa.
Audifaxe Ndabitoreye arongoye ishirahamwe IMBONO Charisma ,avuga ko uwo bagiriza ivyo vyose ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuko ari we atanga itegeko rya nyuma ku gisirikare n’igipolisi vy’igihugu, akongerako urwaruka rw’imbonerakure zahawe inkoho kandi zitagenewe abanyagihugu.
Uwo arongoye IMBONO Charisma arabeshuza kandi amakuru avuga ko imyiyerekano ikorwa n’urwaruka gusa, agasigura avuga ko nawe yayitavye kandi afise imyaka 54 y’amavuko.
Audifax Ndabitoreye yavuzeko azoboneraho akaryo ko gushika mu bindi bihugu bitatu, Ubwongereza, Ubufaransa n’Ububirigi, aho naho akazoba ajanye ubutumwa yarungikanywe n’ihuriro Mouvement Arusha ry’imigambwe itavuga rumwe na Reta hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike mu Burundi.
Mu bundi butumwa ajanye harimwo gusaba ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryorungika abasirikare baza kubuza ko ubwicanyi bubandanya mu Burundi, bagacunga n’umutekano w’abanyagihugu.
 

Langues: 
Genre journalistique: 

Partager