sep
22
2021

Burundi: Francine Niyonsaba yakiriwe nk’intwari i Bujumbura ashikanye umuhigo w'isi

Francine Niyonsaba, umugore anyaruka cane kurusha abandi ku isi mu imetero 2,000 yatewe iteka n'abantu isinzi ubwo yari ashitse ku kibuga c'indege mpuzamakuru ca Bujumbura uyu munsi kuwa gatatu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yagize ati: "Ndumva yuko nakoze ibisadanzwe ... nanjye ubu ndavuga ko ntasanzwe ku isi."

Mu ndwi iheze i Zagreb muri Croatia Niyonsaba yanditse amateka mu gusiganwa 2,000m aho yaciye umuhigo ku isi akoresheje iminota 5:21'56''.

Niyonsaba ariko ntiyagize ibihe vyiza mu mahiganwa olempique yabereye i Tokyo mu Buyapani, gusa amahiganwa yakurikiye muri Amerika n'Ibulaya yayitwayemwo neza.

Mu gihugu ciwe, abashinzwe inkino bagize iminsi bahimiriza abantu kuja ku mabarabara ari benshi ngo bamutere iteka ashitse mu gihugu ciwe.

Abo mu ntara y'iwabo, ku kibuga c'indege bari bafise icapa canditseko ngo "Abanya Ruyigi n'Abarundi twese turaguhaye ikaze kandi turagukeje kw'iteka waraye uteye igihugu cacu n'intara".

Niyonsaba yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Ni amateka, ni umugisha ku Burundi kuba mvuye mu mahanga aho nari maze iminsi guhiganwa mu bihugu bitandukanye".

Yababariye uko yagiye asiganwa ahereye muri Amerika, mu Bufaransa, mu Bubiligi, mu Busuwisi, Croatia na Espagne.

Ati: "Aho hose nagiye ndaca nongera ntsinda, kwari ukongera amanota ashobora kunshikana muri finale kugira mpiganirwe iki gikombe mubona natsinze mu 5000m [Diamond League i Zurich] akaba ari igikombe kigasanzwe. Ni igikombe gitashe ubwa mbere mu Burundi, ni umugisha ku muryango, ni umugisha ku gihugu ciwanje."

Niyonsaba avuga ko atagarukiye aho kuko yagiye muri Croatia aho yaciye urya muhigo w'isi.

Ati: "Ababonye uko nakoze ihiganwa barabonye yuko ubu umurundikazi ari we afise umwanya w'uwunyaruka kw'isi ku metero 2,000 mu minota 5 amasegonda 21 n'ibice 56.

"Ivyo ntivyari bwabeho ngaha kw'isi, ni record mondial itashe mu Burundi kuva bwitwa Uburundi."

Francine avuga ko vyamunezereye rwose kubona abarundi bo mu gihugu no mu makungu bose baranezerewe n'intsinzi yiwe.

Ati: "Ivyo bikantera intege bikantera kwishima. Ndumva yuko nakoze ibidasanzwe kandi koko nyene ivyo nakoze ntibisanzwe, nanje ubu ndavuga ko ntasanzwe ku isi."

Francine avuga ko ibi ari intango kandi bitumye agiye gukora gusumba kuko ashaka kwongera kunezereza abarundi umwaka uza.

Ati: "Nozonezerwa cane umwaka uza ngarutse mfise igikombe nk'iki muri shampionat du monde izobera muri Amerika, nkashobora guha umunezero Abarundi".

https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-58648941

Langues: 
Thématiques: 

Partager