jui
17
2015

Eid el Fitr ishitse havugwa ubukene mu miryango

Mu gihe abaislamu barangije amapfungo y’ukwezi kweranda, abarundi bataribake baridoga ko uwo musi ushitse hari ubukene. Ivyo bikagaragarira mu masoko aho usanga ataruja n’uruza rw’abasuma uhasanga, abadandaza nabo bahagaze barindiriye uwoza kugura. Umukenyezi Ndayizeye Françoise, adandariza ivyamwa n’imboga hagati mu Gisagara ca Bujumbura, yibaza ko muri kino gihe ubuzima bwazimvye arico gituma n’abaislamu batusumye nk’uko bahora. Uwo mukenyezi anamenyesha ko ubu basigaye bacuruza bahomba.

Egide Bizimana acururiza inyama ngaho mu gisagara hagati we abona ko ubukene bwugarije abanyagihugu bwaturutse k’umutekano muke urangwa mu gihugu canke  ku makori atozwa n’ikigo OBR (Office Burundais des Recettes).

Eka na Ndikumana Dismas acururiza umucari, amavuta yo gufungura, ibirungo n’ibindi vya nkenerwa mu gukinjika mw’isoko ya Kamenge, amenyesha ko ubu at’abantu bagisuma nka kera. Nawe nyene akibaza ko ubukene bwatewe n’umutekano muke urangwa mu Gihugu hamwe n’uko ibintu vyazimvye.

AbaIslamu usanga bariko basuma utuntu dukeduke bakavuga bati : « Erega uragura ikilo kimwe c’umuceri n’akanusu k’inyama, abana bafunguye k’umurango, ntabindi bacabamenya ko ukwezi kw’amapfungo kwarangiye ».

Bigirimana Jean, Infos Grands Lacs 

Langues: 
Genre journalistique: 
Thématiques: 
Durée: 
00:01:47

Partager