mai
02
2016

Umusi mpuzamakungu w'abakozi n'akazi

Kuruyu wa mbere Uburundi bwifadikanije n'ibindi bihugu vyo kw'isi mu guhimbaza umusi mpuzamakungu w'abakozi n'akazi.

Mw'ijambo ryiwe,umukuru w'igihugu Pierre Nkuruniza yasavye abarongoye abandi mu buzi kugira intonde z'abakozi bahevye akazi kuva hadutse imvururu mu mwaka uheze. Mu kiringo c'ukwezi batgerezwa kuba bashize ahabona izo ntonde kugira hace hafatwa ingingo.

Perezida Nkurunziza agabisha kandi abagize ama nama nshingwantwaro mu mashirahamwe Leta ifisemwo imitahe ko bagiye guhanwa basubiriye guhombesha ayo mashirahamwe nk'uko bikunda kwibonekeza.

Umukuru w'igihugu ahamagarira kandi abakozi bose bahunze igihugu gutahuka mu ntumbero y'ukubaka n'uguteza imbere igihugu c'abibarutse.

Eloge Willy Kaneza 

Langues: 
Genre journalistique: 
Thématiques: 

Partager