mai
02
2016

Urunani mpuzamasendika rw'abakozi rusaba Leta gucungera ingene itangawa ry'akazi rigenda

Kuruyu wa mbere Uburundi bwifadikanije n'ibindi bihugu vyo kw'isi mu guhimbaza umusi mpuzamakungu w'abakozi n'akazi.

Urunani mpuzamasendika rw'abakozi mu Burundi rusaba Leta gucungera ingene itangawa ry'akazi rigenda kugira akazi gahabwe ababikwiye kandi bagashoboye aho gukoresha ka mwana wa mama n'ibiturire.

Tharacisse Gahungu atwara ihuriro ry'ama sendika y'abakozi COSYBU (confédération des syndicats du Burundi) yabivugiye mw'ijambo yashikirije kuruyu wa mbere aho hahimbazwa umusi wahariwe abakozi n'akazi.

Umukuwu w'urwo runani anasaba abanyepolitike bafise ivyo abaharanira canke barondera kubikora bubahiriza agateka ka zina muntu mukwirinda ikintu cose gihitana ubuzima bwa kiremwa muntu.

Eloge Willy Kaneza 

Langues: 
Genre journalistique: 
Thématiques: 

Partager