sep
03
2022

Verbatim

Discours très fort tenu le 2 septembre par le président Evariste Ndayishimiye lors des cérémonies d’ouverture de l’année judiciaire 2022-2023 à Gitega. Le Chef de l’Etat a accusé, sans le nommer , un homme qui se croit au-dessus de la loi, « intouchable » . Il a dit également qu’il n’a pas peur d’un « coup d’Etat » car c’est « impossible ». Et s’il essayait, il le vaincrait. Iwacu a traduit au mieux les mots forts du Président.

Verbatim : Kirundi Verbatim : français
Uri umuntu usoma bibiliya ntiwokwigira igihangange ndababwize ukuri kuko Imana irashobora kugukubita umusi umwe ikaguhonanya n’umuryango wose, abantu bagasigara bariyumvira igicumuro wacumuye bakakibura.

Si tu lis la bible, tu ne peux pas te considérer comme un homme fort, car Dieu peut un jour te frapper et t’exterminer avec toute ta famille au point que les gens resteront à se demander quel crime tu as commis.

Ibihangange rero usanga, nubwo buhangange babuhawe n’igihugu nyene. Igihugu kiriko kiratoha, nawe aciye atoha, aho kwemera akicisha bugufi, agaca yigira igihangange, jewe ndakomeye, ubu ntanumwe akivuga mu gihugu, nta mategeko akivuga, ni jewe ntanga amategeko.

Ces hommes puissants ont tiré leur puissance du pays. Le pays est en train de renaître et lui s’enrichit mais au lieu de rester humble, il commence à se sentir invulnérable : je suis fort maintenant, personne ne peut oser dire quoi que ce soit, même pas la loi. C’est moi qui fait la loi.

Bacamanza, mubamfashe. Ushaka ico ufyina ntuzofyine n’igihugu. Igihugu ugitera akagere mugabo coco kigutera umugere.Abantu biyita ibihangange shira hasi, ibisaka vy’imbwa vyahiye.

Les magistrats, aidez-moi. Il ne faut pas badiner avec le pays. Tu peux penser donner un petit coup de pied au pays mais le pays va t’affliger un gros coup. Ceux qui se disent puissants, rabaissez-vous. Il n’y a plus de cachette, tout est connu.

Kuba umutware ntugire ngo biroroshe. Abarwanira kuba abakuru jewe barantwenza. Muribuka mwezi? Maconco yaragumutse kuri Mwezi. Maconco aremera ati nshaka irya ntebe wicayeko. Aragenda aca amwiba imbwa. Mwezi ati: “Naguhaye intara uratwara, ntaco ntaguhaye. None ushaka n’igihugu?”. Mwezi aca atora ingabo zija kurwanya Maconco. None Maconco iyo atagira ivyo harico yari kuba? Yapfuye atabaye umwami. Mugabo yibaza ngo ko ari umukwe w’umwami azoba umwami. Kandi umwami ntaco atari yaramuhaye, yamuhaye umukobwa, amuha intara aratwara, mugabo akaguma avuga ngo nkeneye irya ntebe yawe. Ba maconco nibasubize inkota mu rwubati. Kuko bazopfa batahashitse.

Être dirigeant n’est pas facile. Ceux qui se battent pour devenir dirigeants me font rire. Souvenez-vous de l’histoire du roi Mwezi (Gisabo) et Maconco (beau-fils du roi). Maconco s’est rebellé contre le roi Mwezi. Il voulait devenir roi. Il a volé le chien du roi. Mwezi lui a dit : « Je t’ai donné une province à gouverner. Je t’ai donné tout, même ma fille. Veux-tu aussi le pays ? ».
Finalement, le roi a déployé l’armée pour combattre Maconco. Il est mort sans devenir roi. Comme gendre du roi, il pensait qu’il pouvait aussi être roi. Le roi lui avait tout donné. Il lui avait aussi offert sa fille, mais il voulait toujours le trône du roi. Que les Maconco retournent l’épée dans son fourreau. Ils mourront sans y arriver.
None umu Général hari umuntu yomukanga ngo agira agire coup d’Etat ga yemwe ? Uwo muntu ninde ? Araza ntaco duhangane. Kw’izina ry’Imana nzomunesha. Qui peut menacer un Général de coup d’Etat ? Qui est-il ? Qu’il vienne m’affronter. Au nom de Dieu, je le vaincrai.

Ya ntama n’isake vyabana. Hageze kubunani isake iravuga iti jeze ngaha mpava ndaharwa basha. Ibibonye gutyo, irazinduka mu gatondo ka kare kugira yibutse ntibabage isake bace babaga intama. Iraza irakubita amababa ngo « burakeye turye ya ntama ». Intama ica irikangura. Irumviriza nayo ica ivuga iti “Mungu yupo”. Erega bukeye baciye barya ya sake. Abo rero baza baribikisha bavuga utuntu, utujambo, murababwira muti Neva amaze guhura n’ibikomeye vyinshi utwo n’ubusa. Uti kuri umugabo tonda imbere yiwe. Ntihagire umuntu asubira kubahahamura rero rero.

Un mouton et un coq vivaient ensemble. Le jour du nouvel an, le coq s’est dit qu’il risquait de passer à la casserole. Il s’est réveillé très tôt le matin pour rappeler au propriétaire d’abattre plutôt le mouton. Il a battu ses ailes et a chanté : « Il est temps de manger le mouton ». Réveillé par les chants du coq, le mouton a répliqué : « Dieu existe ».
Finalement, c’est le coq qui a été mangé . Ceux qui chantent comme ce coq, disant n’importe quoi, dites-leur : Neva a fait face à beaucoup de situations difficiles, ces mots ne sont rien. Dites-lui : « Si tu te sens fort, présente-toi devant lui. Que personne ne vous intimide.

Nagira ndababwire. Mu Burundi ntihazosubira kuba itembagazwa ry’ubutegetsi, ntihazopfa hasubiye kuba indwano. Na Sogokuru yarabivuze Imana niyo cabona.

Je vous le dis, au Burundi, il n’y aura plus de coup d’Etat, jamais plus la guerre. Dieu est témoin comme le disait notre guide.

Abantu bose barotera nabi Uburundi, ubu turinjiye mu nzira y’iterambere. Umuntu wese arotera inabi uburundi, adashaka ko uburundi buba igihugu c’amata n’ubuki, échec yamaze kuyironka. Nabe arayandika. Tuvuga ngo turondere ifumbire ugashaka guca uyinyegeza ntuzobishobora. Tuvuze dukeneye igitoro kugira business ikorwe ukavuga ngo ndakizibira ntuzobishobora. Imana niho iri.

Nous sommes sur la voie du développement. Toute personne qui souhaite au Burundi du mal, qui ne veut pas que le Burundi soit un pays de lait et du miel a déjà échoué. Si nous décidons de disponibiliser des engrais, tu ne pourras pas le cacher. Si nous planifions de chercher le carburant pour faciliter les affaires, tu ne pourras pas le bloquer. Dieu est là.

Ntabari batanguye gucika inkokora ngo ntibishoboka. Mukarira mugacika inkokora, ko cabonetse? Kandi ntibigisubira inyuma. Banka bemera igitoro naramaze kucifatira mu ntoki, ntawundi ntuma. Umwanya nataye nidogera abandi ngo nibo banyononeye niwo mwanya nanje naciye niga nca ndamenya iyo biva. Barazonyidogera rero bavuge ko namenje kwifatira mu ntoki igitoro. Ibintu vyose bija ku neza y’abenegihugu nzovyifatira mu ntoki.

Certains pensaient qu’il était impossible de sortir de la pénurie du carburant. Vous étiez découragés. Vous avez pleuré. On l’a importé et on ne reculera pas. Qu’ils le veuillent ou pas, j’ai pris la question du carburant en main, je ne délègue personne. Le temps perdu pour blâmer les autres disant qu’ils me sabotent, je l’ai aussi pris pour étudier et comprendre l’origine du problème. Qu’ils me blâment, qu’ils disent que j’ai commis un sacrilège en prenant en main le secteur pétrolier. Tout ce qui engage l’intérêt du citoyen, je m’en occuperai.

Ifumbire amatwi ansumira ubu hasigaye nkeyi itarabashikira. None yari yagiye hehe? Hariho abadandaza bari bafashe ingingo yo kuza barayinyegeza. Narabibonye vyose. Umwenegihugu abuze ifumbire, nzobaza umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi. BPAE ahuri hose ubimenye. Mu ntara yawe hari umuntu yabuze ifumbire ni wewe uzobiriha. Uzombwira igituma wayibuze. Aho mwahereye mwicara ni kera. Erega muhembwa kugira mukorere abanegihugu.

J’ai appris qu’il reste peu d’engrais qui ne vous est pas encore parvenu. Où était-il passé ? Certains commerçants avaient pris la décision de le cacher. J’ai vu tout. Si un citoyen manque de l’engrais, j’appellerai le ministre de l’Agriculture et de l’Elevage. Les directeurs provinciaux de l’agriculture et de l’élevage, il faut que vous le sachiez. Si un citoyen de ta circonscription manque d’ engrais, tu le payeras. Il ne faut pas rester assis. Vous êtes payés pour servir la population.

Narababaye mbonye abantu babonye aho boja kugurira isukari, ngira ubuho barabemereye. Hamwe nosanga batarabemerera nzoca ndabemerera jewe nyene nti genda muyizane uwuza kubafata muce mumpamagara. Iyo abantu bajejwe kubikora bananiwe tuzovyikorera hanyuma basigare barapararangana.

J’ai été triste d’apprendre qu’on avait refusé aux commerçants d’importer le sucre. J’espère qu’on leur a autorisé finalement à le faire. Sinon, je veux le faire moi-même. Allez amener le sucre ! Si quelqu’un vous arrête, vous allez m’appeler. Si les responsables trainent les pieds, nous le ferons nous-même.

Jewe gusa nsavye abajejwe umutekano, abajejwe ubutungane, inkozi z’ikibi zose ntihagire numwe asubira kuduhagararako. Amategeko akore turabe ingene bitazoshoboka. Ndazi neza ko abajejwe kwivuna umwansi bahagaze neza, abajejwe inyamiramabi bahagaze neza, abajejwe ubutungane bahagaze neza. None ngaho tuzonanirirwa hehe? Igihugu kirapanze. Ntihagire rero uwuzosubira kubaca inkokora.

J’appelle la justice et les forces de l’ordre à combattre tous les criminels pour que personne ne nous perturbe. Tout sera possible si la loi est appliquée. Je sais bien que les forces de la défense, de l’ordre et la justice sont prêts. Comment est-ce que l’on pourrait échouer ? Le pays est sur la bonne voie. Que personne ne vous décourage.
https://www.iwacu-burundi.org/verbatim/

Langues: 
Genre journalistique: 
Thématiques: 

Partager