oct
12
2015

Ingorane zihanze u Burundi zirabandanya kugira ingaruka ku buzima bw'urudandazwa hagati y'ico gihugu n'u Rwanda

Ibikorwa vy’ubucuruzi bisa n'ivyahagaze ku mupaka wa Kanyaru ya ruguru hagati y’u Rwanda n’u Burundi. Abahakorera bavuga ko batacunguka kandi ko ibicuruzwa vyabo bitagisohoka kubera ko ata ruja n’uruza rukihaboneka. Abavunjayi, abafise amaduka, eka mbere n’abikorera imizigo baguma bicaye ataco bariko barakora. Bavuga ko bitumwa nuko ata banyarwanda baja I Burundi kubera ko ngo baguma bakurwa mu miduga bagasubizwa inyunya. Aya makuru mbere akaba yemezwa n'igisata c'uruja n'uruza ku ruhande rw'u Rwanda.

Inkuru dukesha Pierre Claver Niyonkuru wa Radio Isango Star

Langues: 
Genre journalistique: 
Thématiques: 
Durée: 
00:02:51

Partager